ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
Itangazo
Ururimi rushasha: Mbum
  • Uno musi

Ku wa kabiri, 29 Mukakaro

Naragushimye.—Luka 3:22.

Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko Yehova ashima abasavyi biwe bose uko bagize umugwi! Bibiliya ivuga iti: «Yehova a[ra]kunda abantu biwe.» (Zab. 149:4) Ariko rero, birashika bamwebamwe bakihebura cane ku buryo bibaza bati: «Ubwo Yehova yoba anshima ku giti canje?» Ivyo vyarashikiye n’abasavyi ba Yehova bamwebamwe b’abizigirwa bo mu bihe vya Bibiliya. (1 Sam. 1:​6-10; Yobu 29:​2, 4; Zab. 51:11) Bibiliya irerekana neza ko abantu badatunganye bashobora gushimwa na Yehova. Uti ivyo bishoboka gute? Bishoboka iyo twizeye Yezu Kristu maze tukabatizwa. (Yoh. 3:16) Gutyo, tuba twerekanye ku mugaragaro ko twigaye ibicumuro vyacu be n’uko twasezeraniye Imana gukora ivyo igomba. (Ivyak. 2:38; 3:19) Yehova arahimbarwa iyo duteye izo ntambwe zituma tugiranira ubugenzi na we. Iyo dukoze ibishoboka vyose kugira ngo tugume dukora ivyo twamusezeraniye, aradushima akongera akadufata nk’abagenzi biwe.—Zab. 25:14. w24.03 26 ing. 1-2

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa gatatu, 30 Mukakaro

Ntidushobora kureka kuvuga ibintu twabonye n’ivyo twumvise.—Ivyak. 4:20.

Turashobora kwigana akarorero k’abo bigishwa mu kubandanya twamamaza naho abategetsi bobitubuza. Turashobora kwizigira ko Yehova azodufasha kurangura igikorwa yadushinze. Rero, numusenge umusaba umutima rugabo n’ubukerebutsi wongere umusabe agufashe kwihanganira ingorane. Abenshi muri twebwe usanga bari mu ngorane bivuye ku ndwara, ku gutuntura ku mutima, ku kubura ababo, ibibazo vyo mu muryango, ku ruhamo no ku bindi. Indwara z’ibiza be n’intambara na vyo vyaratumye nyinshi muri izo ngorane zirushiriza kugora kwihanganira. Nusukire Yehova ibikuraje ishinga vyose. Numuyagire uko ivyawe vyifashe nk’uko nyene wobibwira umugenzi somambike. Nuhere amazinda ko Yehova na we “azogira ico akoze.” (Zab. 37:​3, 5) Gushishikara gusenga biradufasha ‘kwihanganira amakuba.’ (Rom. 12:12) Yehova arazi ibiriko birashikira abasavyi biwe, kandi “a[ru]mva ugutabaza kwabo.”—Zab. 145:​18, 19. w23.05 5-6 ing. 12-15

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa kane, 31 Mukakaro

Mugume musuzuma neza ivyo Umukama yemera.—Ef. 5:10.

Igihe tugomba gufata ingingo zihambaye, turakwiye kubanza gutahura «ivyo Yehova agomba ivyo ari vyo», tugaca dukora tuvyisunga. (Ef. 5:17) Iyo turondeye kumenya ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zihuje n’uko ivyacu vyifashe, ni nk’aho tuba turiko turondera kumenya ico Imana ivyiyumvirako. Duciye rero tuvyisunga, bica bitworohera gufata ingingo nziza. «Wa mubisha», ari we mwansi wacu Shetani, yipfuza ko tuguma twiruka inyuma y’ivy’isi ku buryo tubura n’umwanya wo gukorera Imana. (1 Yoh. 5:19) Umukirisu yoshobora gutangura gushira imbere amaronko, amashure canke akazi k’umubiri, bigatuma agisha uturyo two gukorera Yehova. Bigenze gutyo, biba vyerekana ko atanguye gutwarwa n’ivyiyumviro vy’isi. Naho ivyo bintu ubwavyo atari bibi, si vyo dukwiye gushira imbere mu buzima bwacu. w24.03 24 ing. 16-17

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika