Samweli wa mbere
1 Hari umugabo w’i Ramatayimu-Zofimu*+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu+ yitwa Elikana+. Yari mwene Yerohamu, Yerohamu mwene Elihu, Elihu mwene Tohu, Tohu mwene Zufi. Yari Umwefurayimu. 2 Yari afise abagore babiri: umwe yitwa Hana, uwundi akitwa Penina. Penina yari afise abana, mugabo Hana nta bo yari afise. 3 Ku mwaka ku mwaka, uwo mugabo yama ava mu gisagara abamwo akaduga i Shilo gusenga* Yehova Nyeningabo no kumushikanira ibimazi+. Abahungu babiri ba Eli, ari bo Hofuni na Finehasi+, bari abaherezi bakorera Yehova+ aho i Shilo.
4 Umusi umwe Elikana ashikana ikimazi, maze aha ibipande vy’ico kimazi umugore wiwe Penina n’abahungu biwe n’abakobwa biwe bose+. 5 Mugabo Hana amuha igipande ciza cane kuko ari we yakunda. Ariko nta bana Yehova yari yaramuhaye*. 6 Umukeba wiwe Penina yaguma amucokora arondera kumutuntuza, kubera ko ata bana Yehova yari yaramuhaye. 7 Ukwo ni ko Penina yagira buri mwaka. Igihe cose Hana yaba agiye ku nzu ya Yehova+, uwo mukeba wiwe yaramucokora gushika n’aho Hana arira, no kurya ntarye. 8 Ariko umugabo wiwe Elikana amubwira ati: «Urizwa n’iki Hana? Kubera iki udafungura? Ubabajwe n’iki*? Mbega sinkurutira abahungu cumi?»
9 Bahejeje kurya no kunywa bari ng’aho i Shilo, Hana aca arahaguruka. Umuherezi Eli yari yicaye ku ntebe ku bwinjiriro bw’urusengero*+ rwa Yehova. 10 Hana yari adundumiwe rwose. Atangura rero gusenga Yehova+ no kurira cane. 11 Maze araganira Imana ati: «Ewe Yehova Nyeningabo, raba ayo ngowe jewe umusavyi wawe, unyibuke. Nutanyibagira jewe umusavyi wawe ukampa umwana w’umuhungu+, nzomuguha Yehova, agukorere ubuzima bwiwe bwose. Kandi ntazokwigera amobwa+.»
12 Yamaze umwanya muremure asengera imbere ya Yehova, Eli na we yitegereza umunwa wiwe. 13 Ariko Hana yasengera mu mutima akubita iminwa gusa, ijwi ntiryumvikane. Eli aca yiyumvira ko Hana yaborewe. 14 Eli amubwira ati: «Uzoguma uborerwa gushika ryari? Heba izo nzoga*.» 15 Hana aca yishura ati: «Oya databuja. Ndi umugore yishwe n’amaganya*. Nta muvinyu canke inzoga nanyoye, ahubwo ndiko mbwira Yehova akambakiye*+. 16 Umusavyi wawe ntumufate nk’umugore w’imburakimazi, kuko ivyo nariko ndavuga uwu mwanya wose nabitumwe n’intuntu nyinshi n’agahinda.» 17 Maze Eli asubizayo ati: «Igire amahoro, Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye+.» 18 Hana na we avuga ati: «Ese wokwama undaba ryiza jewe umusavyi wawe.» Nuko uwo mugore aragenda ararya, kandi ntiyasubira kuboneka ko ababaye.
19 Elikana n’umuryango wiwe bavyuka kare mu gitondo, baja kwunama imbere ya Yehova, hanyuma basubira iwabo i Rama+. Nuko Elikana aryamana n’umugore wiwe Hana, maze Yehova yitwararika* Hana+. 20 Mu kiringo c’umwaka*, Hana aribungenga avyara umuhungu amwita+ Samweli*, kuko yavuga ati: «Namusavye Yehova.»
21 Mu nyuma, Elikana aduga i Shilo gushikanira Yehova ikimazi+ yatanga buri mwaka be n’ishikanwa rijanye n’indagano. Yari kumwe n’abo mu rugo rwiwe bose. 22 Ariko Hana we ntiyagiye+, kuko yabwiye umugabo wiwe ati: «Uyu muhungu nzomujanayo niyamara gucuka. Azoheza arenguke imbere ya Yehova maze agumeyo+.» 23 Umugabo wiwe Elikana aca amubwira ati: «Kora ico ubona ko kibereye. Guma i muhira gushika acutse. Yehova aze agukorere ivyo uvuze.» Nya mugore rero aguma i muhira, yonsa uwo mwana gushika acutse.
24 Akimara kumucutsa, amudugana i Shilo, agenda atwaye ishuri y’imyaka itatu, n’ifu ingana n’ingero imwe ya efa* n’umubindi munini w’umuvinyu+. Ashika i Shilo+ ku nzu ya Yehova ari kumwe n’agahungu kiwe. 25 Maze bakerera nya shuri baraheza bazanira Eli ako gahungu. 26 Hana aca avuga ati: «Ntunga databuja! Ndarahiye imbere yawe ko ndi wa mugore yari kumwe nawe ng’aha asenga Yehova+. 27 Nasenga Yehova ndamusaba uyu muhungu, kandi yarampaye ico namusavye+. 28 Nanje ndamuhaye* Yehova. Azoguma ari uwa Yehova ubuzima bwiwe bwose.»
Aca* arunamira Yehova.