Mukakaro
Ku wa kabiri, 1 Mukakaro
[Yaca] mu gihugu akora ivyiza yongera akiza abantu.—Ivyak. 10:38.
Yezu yariganye Se wiwe ata gahaze mu kuntu yabona ibintu be n’uko yiyumva, mu bintu vyose yavuga n’ivyo yakora, udasize inyuma ibitangaro. (Yoh. 14:9) Ni ibiki dushobora kwigira ku bitangaro Yezu yakoze? Yezu na Se wiwe baradukunda cane. Igihe Yezu yari ngaha kw’isi, yarerekanye urukundo rugera kure yakunda abantu mu gukoresha ububasha bwo gukora ibitangaro kugira afashe ababa bafise ingorane. Umusi umwe, abagabo babiri b’impumyi barasemereye ngo abafashe. (Mat. 20:30-34) Urabona ko Yezu ‘bamuteye ikigongwe,’ mu nyuma arabakiza. Irivuga ry’ikigiriki ryakoreshejwe hano ryahinduwe ngo “bimutera ikigongwe,” ryerekeza ku mpuhwe zigera kure umuntu yumva ibwina mu mutima wiwe. Izo mpuhwe zigera kure ni ikimenyetso c’urukundo. Ni na zo zatumye Yezu agaburira abashonje yongera arakiza umunyamibembe. (Mat. 15:32; Mrk. 1:41) Turemera tudakeka ko Yehova, ya Mana y’“impuhwe z’ikibabarwe” be n’Umwana wiwe badukunda bigera kure, kandi ko bababazwa n’imibabaro idushikira. (Luka 1:78; 1 Pet. 5:7) Ese ingene bategerezwa kuba bashashaye gukuraho ingorane zishikira abantu! w23.04 3 ing. 4-5
Ku wa gatatu, 2 Mukakaro
Yemwe abakunda Yehova, nimwanke ikibi. Akingira ubuzima bw’intahemuka ziwe, akabarokora mu kuboko kw’ababisha.—Zab. 97:10.
Twoshobora gufata ingingo zotuma tugabanya akaga ko kwanduzwa n’ivyiyumviro bibi vyiraye muri iyi si mbi ya Shetani. Turashobora kwuzuza umuzirikanyi wacu ivyiyumviro vyiza mu gusoma Bibiliya no mu kuyiga. Kwitaba amakoraniro no kugira uruhara mu ndimiro, na vyo nyene biratuma tugumana ivyiyumviro vyiza. Yehova na we adusezeranira ko atazoreka ngo tugeragezwe n’ibirengeye ivyo dushobora kwihanganira. (1 Kor. 10:12, 13) Umwe wese muri twebwe arakeneye kurushiriza gusenga, kugira ngo agume ari intahemuka kuri Yehova muri iyi misi ya nyuma igoye. Yehova yipfuza ko ‘tumusukira ibiri ku mutima wacu.’ (Zab. 62:8) Nushemeze Yehova wongere umukengurukire ku vyo akora vyose. Numusabe aguhe umutima rugabo wo kwamamaza. Numusabe agufashe kwihanganira ingorane iyo ari yo yose woba urimwo no kunanira inyosha mbi iyo ari yo yose yoba iriko iragushikira. Ntureke ngo hagire ikintu na kimwe canke umuntu n’umwe yotuma utama witura Yehova mw’isengesho. w23.05 7 ing. 17-18
Ku wa kane, 3 Mukakaro
Twiyumvirane . . . , turemeshanye.—Heb. 10:24, 25.
Kubera iki twitaba amakoraniro y’ishengero? Imvo nyamukuru, ni kugira dushemeze Yehova. (Zab. 26:12; 111:1) Vyongeye, turitaba amakoraniro kugira turemeshanye muri ibi bihe bitoroshe. (1 Tes. 5:11) Igihe dukirije hanyuma tugatanga insasanuro, tuba dushikije izo ntumbero zompi. Ariko hari ibintu vyoshobora gutuma bitugora gutanga insasanuro. Twoshobora kwumva gutanga insasanuro biduhagaritse umutima canke na ho tukumva twipfuza gutanga insasanuro kenshi, ariko ntibadutore nk’uko twavyipfuza. None ni ibiki vyodufasha igihe ibintu vyifashe gutyo? Intumwa Paulo yavuze ko dukwiye gushira imbere ‘kuremeshanya.’ Igihe twibutse ko dushobora kuremesha abitavye amakoraniro, mbere n’igihe twatanze insasanuro isanzwe iserura ukwizera kwacu, bizotuma tudahagarika umutima cane hageze ko dutanga insasanuro. Bishitse ntibadutore kenshi na ho, twoshobora guhimbarwa no kuba abandi baca baronka akaryo ko gutanga insasanuro.— 1 Pet. 3:8. w23.04 20 ing. 1-3
Ku wa gatanu, 4 Mukakaro
Umuntu wese . . . naduge aje i Yeruzalemu . . . , asubire kwubaka inzu ya Yehova.—Ezr. 1:3.
Umwami yari yarivumereye! Abayuda bari bamaze nk’imyaka 70 bari mu bunyagano i Babiloni bari barekuriwe gusubira mu gihugu cabo, ari co Isirayeli. (Ezr. 1:2-4) Yehova wenyene ni we yari gutuma ivyo bishoboka. Mu bisanzwe, abo Babiloni yagira imbohe ntiyigera ibarekura. (Yes. 14:4, 17) Ariko Babiloni yari yatemvye, maze uwo mwami mushasha aca abwira Abayuda ko bokwisubirira iwabo. Umuyuda wese, canecane ba serugo bategerezwa gufata ingingo yo kuva i Babiloni canke kugumayo. Iyo ngingo ntiyari yoroshe gufata. Abayuda benshi bari bashaje ku buryo batari kwigerezako ngo bafate urugendo rwari rugoye gutyo. Vyongeye, kubera ko Abayuda benshi bari bavukiye aho nyene i Babiloni, babona ko ari ho muhira. Kuri bo, Isirayeli cari igihugu ca ba sekuruza. Abandi Bayuda na bo, biboneka ko bari baratungiye ng’aho i Babiloni, ku buryo bishobora kuba vyarabagoye guheba amazu yabo mezameza be n’urudandaza rwabo ngo baje kuba mu gihugu batari bazi. w23.05 14 ing. 1-2
Ku wa gatandatu, 5 Mukakaro
Mwame mwiteguye.—Mat. 24:44.
Ijambo ry’Imana rituremesha kuguma dutsimbataza ukwihangana, ikibabarwe n’urukundo. Luka 21:19 havuga hati: “Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma murokoka.” Abakolosayi 3:12 na ho hagira hati: “Nimwambare . . . ikibabarwe.” 1 Abatesalonika 4:9, 10 na ho hati: “Mwebwe ubwanyu mwigishwa n’Imana gukundana. . . . Mugabo turabahimiriza bavukanyi, ngo mugume murushiriza kubigira.” Ayo majambo yose yandikiwe abigishwa bari basanzwe bagaragaza ukwihangana, ikibabarwe n’urukundo. Ariko rero, bategerezwa kuguma batsimbataza izo kamere. Natwe dukwiye kubigana. Kugira ubishikeko, nurimbure ingene abakirisu bo mu ntango bagaragaje izo kamere. Mu nyuma, uzoca ubona ingene wokwigana abo bigishwa bitume uba uwiteguriye ya makuba akomeye. Hanyuma amakuba akomeye niyatangura, uzoba waramenye ingene wihangana kandi uzoba wiyemeje kuguma wihanganye. w23.07 3 ing. 4, 8
Ku wa mungu, 6 Mukakaro
Hazoba ibarabara rikuru, . . . inzira y’ubweranda.—Yes. 35:8.
Twaba turi abo mu barobanuwe canke abo mu “zindi ntama,” turakwiye kuguma muri iyo “Nzira y’Ubweranda” iriko iducisha mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, tugana ku mihezagiro y’Ubwami yimirije. (Yoh. 10:16) Kuva mu 1919, abagabo n’abagore be n’abana amamiliyoni, baravuye muri Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, maze batangura guca muri iyo nzira y’ikigereranyo. Igihe Abayuda bava i Babiloni, Yehova yabanje kwitwararika ko intambamyi zose zikurwaho mu nzira bari gucamwo. (Yes. 57:14) Tuvuge iki hoho ku bijanye n’“Inzira y’Ubweranda” muri iki gihe? Hagisigaye imyaka amajana ngo umwaka wa 1919 ushike, Yehova yarakoresheje abagabo bamutinya kugira ngo bategure inzira yokuye abantu muri Babiloni Akomeye. (Gereranya na Yesaya 40:3.) Barateguye inzira yo mu buryo bw’impwemu yofashije abantu b’umutima nziraburyarya kuva muri Babiloni Akomeye, maze bakinjira mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, aho bosengeye Yehova bari kumwe n’abandi basavyi biwe. w23.05 15-16 ing. 8-9
Ku wa mbere, 7 Mukakaro
Nimukorere Yehova munezerewe. Nimuze imbere yiwe mwiha akaruru k’umunezero.—Zab. 100:2.
Yehova yipfuza ko tumukorera tubikunze kandi duhimbawe. (2 Kor. 9:7) None twoba dukwiye kugira akigoro ko gushika ku mugambi wacu kandi tutavyiyumvamwo? Zirikana ku karorero k’intumwa Paulo. Yavuze ati: “Umubiri wanje ndawukubitagura ibipfunsi nkawujana nk’umuja.” (1 Kor. 9:25-27) Paulo yarihatira gukora iciza, mbere n’igihe yaba yumva ko atabishaka. None Yehova yoba yarashimye ivyo Paulo yamukoreye? Cane nyene! Ushima ari ko biri, yarabimuhereye n’impera. (2 Tim. 4:7, 8) Muri ubwo buryo nyene, Yehova arahimbarwa igihe abonye ko tugira akigoro ko gushika ku mugambi wacu, n’igihe twoba tutabishaka. Naho tuba turiko dukora ico gikorwa atari ukubera ko tugikunda, biramuhimbara kuko aba azi ko turiko tugikora tubitumwe n’uko tumukunda. Yehova azoduhezagira nk’uko nyene yahezagiye Paulo. (Zab. 126:5) Twiboneye ingene aduhezagira, twoshobora gutangura kugira icipfuzo co gushika ku mugambi wacu. w23.05 29 ing. 9-10
Ku wa kabiri, 8 Mukakaro
Umusi wa Yehova [uriko uraza].—1 Tes. 5:2.
Abatazorokoka umusi wa Yehova intumwa Pawulo yabagereranije n’abasinziriye. Ntibamenya ibiba biriko biraba aho baherereye canke ngo bamenye ingene umwanya ugenda. Iyo rero habaye ibintu bikomakomeye, nta na kimwe bamenya canke ngo bagire ico bakoze. Abantu benshi muri iki gihe bameze nk’abasinziriye mu vy’impwemu. (Rom. 11:8) Ntibitaho ibintu vyerekana ko tubayeho mu “misi ya nyuma” be n’uko ya makuba akomeye yimirije. (2 Pet. 3:3, 4) Ariko twebwe turazi ko uko umusi urengana ari ko birushiriza kwihuta ko dushira mu ngiro impanuro idusaba kuguma turikanuye. (1 Tes. 5:6) Ni co gituma dukwiye kuguma dutekanye mu bwenge. Kubera iki? Kugira ntiduhave twisuka mu matati y’ivya politike n’ayo mu kibano yo muri iyi si. Uko umusi wa Yehova urushiriza kwegereza, ni ko isi izorushiriza kuturemera ngo tubigiremwo uruhara. Naho ari ukwo, ntidukwiye guhagarika umutima ku kuntu tuzovyifatamwo. Impwemu y’Imana irashobora kudufasha kuguma dutekanye mu bwenge maze tugafata ingingo zibereye.—Luka 12:11, 12. w23.06 10 ing. 6-7
Ku wa gatatu, 9 Mukakaro
Mukama Segaba Yehova, ndakwinginze unyibuke, umpe inkomezi.—Abac. 16:28.
Iyo wumvise izina Samusoni, uca ubona iki mu bwenge? Kumbure uca ubona umuntu yari afise inguvu zidasanzwe, kandi ukwo ni ukuri. Ariko Samusoni yarafashe ingingo mbi yamukwegeye akarambaraye. Naho ari ukwo, Yehova yibanze ku bintu biranga ubwizigirwa Samusoni yakoze, aranavyandikisha muri Bibiliya kugira ngo bigire ico bitwigishije. Yehova yaratumye Samusoni akora ibintu bitangaje kugira ngo afashe abasavyi biwe yatoranije, ari bo Bisirayeli. Haciye ibinjana bitari bike Samusoni apfuye, intumwa Pawulo ahumekewe na Yehova yarashize izina rya Samusoni mu rutonde rw’abantu baranzwe n’ukwizera kudasanzwe. (Heb. 11:32-34) Akarorero ka Samusoni karashobora kuturemesha. Yarihetse kuri Yehova mbere no mu bihe bitari vyoroshe. Akarorero kiwe karashobora kuturemesha kandi tukakigirako n’ibindi vyigwa. w23.09 2 ing. 1-2
Ku wa kane, 10 Mukakaro
Ivyo mukeneye gusaba mubimenyeshe Imana.—Flp. 4:6.
Turashobora gutsimbataza ukwihangana mu kwama tubwira Yehova ibituraje ishinga. (1 Tes. 5:17) Vyoshoboka ko ata ngorane ikomeye iriko iragushikira ubu. Naho ari ukwo, woba urondera Yehova ngo agufashe igihe cose wumva ubabaye, uzazaniwe canke warengewe? Niwaza uritura Imana ngo igufashe mu ngorane ziza ziragushikira buri musi ntuzogonanwa kuyitura niwashikirwa n’ingorane zikomeye muri kazoza. Bizotuma wizigira ko izi neza igihe yogufashirizako be n’ukuntu yogufasha. (Zab. 27:1, 3) Nimba twihanganira ingorane zidushikira ubu birashoboka cane ko tuzokwihanganira ya makuba akomeye agiye gushika. (Rom. 5:3) Kubera iki tuvuze ukwo? Abavukanyi batari bake barabonye ko kwihanganira ikigeragezo cose c’ukwizera cabashikiye, vyabafashije kwihanganira n’ibindi vyakurikiye. Ukwihangana kwaratumye barushiriza kwizera ko Yehova yiteguriye kubafasha. Ukwizera na kwo kwarabafashije kwihanganira ikindi kigeragezo.—Yak. 1:2-4. w23.07 3 ing. 7-8.
Ku wa gatanu, 11 Mukakaro
Ndabikwemereye.—Ita. 19:21.
Ukwicisha bugufi kwa Yehova n’impuhwe ziwe biratuma atarenza urugero. Nk’akarorero, Yehova yarerekanye ko yicisha bugufi igihe yagira ahonye abanyakibi b’i Sodomu. Yehova abicishije ku bamarayika biwe, yabwiye wa mugororotsi Loti guhungira mu karere k’imisozi. Ariko Loti yaratinye kujayo, aca asaba ko we n’umuryango wiwe bohungira mu gasagara gatoyi kitwa Zowari, na ko nyene kari kagenewe gusangangurwa. Yehova yari kubwira Loti ko ategerezwa gukora nk’uko yamubariye. Aho kubigenza gutyo, Yehova yaremeye ivyo Loti amusavye naho ivyo vyasaba kudasangangura Zowari. (Ita. 19:18-22) Imyaka amajana inyuma y’aho, Yehova yaragiriye impuhwe abantu b’i Ninewe. Yararungitse umuhanuzi Yona kumenyesha ko ico gisagara cari kigiye gusangangurwa be n’abanyakibi bose baba muri co. Ariko igihe Abanyaninewe bigaya, Yehova yarabumviye akagongwe, ntiyahonya ico gisagara.—Yona 3:1, 10; 4:10, 11. w23.07 21 ing. 5
Ku wa gatandatu, 12 Mukakaro
[Barishe Yehowasi] . . . , mugabo ntibamuhamba aho bahamba abami.—2 Ngo. 24:25.
Akarorero ka Yehowasi katwigisha iki? Yari ameze nk’igiti c’imizi idashika kure bashigikiza inkingi. Yehoyada ni we twogereranya n’inkingi yari imushigikiye. Igihe Yehoyada atari akiriho maze hakaduka ubuhuni, Yehowasi yaciye agwa. Ako karorero karatwereka neza ko tudakwiye gutinya Imana bivuye gusa ku kosho keza k’abo dusangiye ukwemera, ushizemwo n’abo mu muryango wacu. Kugira ngo tugume dufise ukwizera gukomeye, dutegerezwa kurushiriza kwiyegereza Imana ubwacu no kuyitinya, mu kwama twiyigisha, tuzirikana twongera dusenga. (Yer. 17:7, 8; Kol. 2:6, 7) Mu vy’ukuri, Yehova nta bintu vyinshi adusaba. Ivyo adusaba biravugwa mu Musiguzi 12:13, ahagira hati: “Tinya Imana y’ukuri kandi wubahirize amabwirizwa yayo, kuko ico ari co gihambaye cane mu buzima bw’umuntu.” Nitwatinya Imana, tuzoguma dushikamye naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute. Nta na kimwe kizoshobora kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova. w23.06 19 ing. 17-19
Ku wa mungu, 13 Mukakaro
Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.—Ivyah. 21:5.
Kugira Imana itujijure, itangura ivuga iti: «Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami aca avuga ati.» (Ivyah. 21:5a) Ayo majambo ntasanzwe kubera ko ari yo acira inzira incuro ya mbere Yehova avuga, mu ncuro zitatu gusa avuga mu gitabu c’Ivyahishuwe. Ico cemeza rero ntigitangwa n’umumarayika w’umunyabubasha canke mbere Yezu Kristu, ahubwo gitangwa na Yehova ubwiwe. Ivyo bica bituma twizigira tudakeka ivyo avuga ubukurikira. Kubera iki? Kubera ko Yehova «[a]dashobora kubesha.» (Tito 1:2) Ayo majambo aca atuma twizigira duherejeko ivyo dusoma mu Vyahishuwe 21:5, 6. Rimbura ijambo «Ehe.» Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «ehe», rirakoreshwa kenshi mu gitabu c’Ivyahishuwe. None haca hakurikira iki? Imana ica ivuga iti: «Ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.» Ego ni ko Yehova ariko avuga amahinduka azoba muri kazoza, mugabo kubera ko azi neza ko bizoba ata kabuza, abivuga nk’aho vyamaze kuba.— Yes. 46:10. w23.11 3-4 ing. 7-8
Ku wa mbere, 14 Mukakaro
Arasohoka hanze, araturikisha ararira.—Mat. 26:75.
Intumwa Petero yararwana n’ubugoyagoye bwiwe. Raba uburorero bukeya. Igihe Yezu yasigura ingene yobabajwe akongera agapfa nk’uko vyari vyaravuzwe mu buhanuzi, Petero yaciye amukarira. (Mrk. 8:31-33) Incuro zitari nke, Petero be n’izindi ntumwa barahaririye ku bijanye n’uwari mukuru muri bo. (Mrk. 9:33, 34) Mw’ijoro buca Yezu apfa, Petero yaratwawe n’ishavu aca ugutwi kw’umuntu. (Yoh. 18:10) Muri iryo joro nyene, Petero yaratekewe n’ubwoba bituma yihakana umugenzi wiwe Yezu incuro zitatu. (Mrk. 14:66-72) Ivyo vyatumye Petero aturikisha ararira. Yezu ntiyaciye aheba iyo ntumwa yiwe yari yavunitse umutima. Yezu amaze kuzuka, yarasubiriye guha Petero akaryo ko kwemeza yuko yamukunda. Yezu yasavye Petero kwitwararika intama ziwe yicishije bugufi. (Yoh. 21:15-17) Petero yaravyemeye, kandi ku musi wa Pentekoti yari i Yeruzalemu mu bantu ba mbere barobanujwe impwemu nyeranda. w23.09 21-22 ing. 6-7
Ku wa kabiri, 15 Mukakaro
Ragira intama zanje ntonto.—Yoh. 21:16.
Intumwa Petero yahanuye abakurambere bagenziwe ati: «Nimuragire ubusho bw’Imana.» (1 Pet. 5:1-4) Nimba uri umukurambere turazi ko ukunda abavukanyi na bashiki bacu, be n’uko wipfuza kubaremesha. Ariko rimwe na rimwe woshobora kubona ko ufise vyinshi ukora, canke urushe cane ku buryo utorangura iryo banga. None wokora iki? Nubibwire Yehova mw’isengesho. Petero yanditse ati: «Uwukorera abandi, nabikore yishimikije inkomezi Imana itanga.» (1 Pet. 4:11) Hari aho abavukanyi bacu boba bariko barashikirwa n’ingorane zidashobora gutorerwa umuti muri iki gihe. Naho ari ukwo, niwibuke ko «wa mwungere mukuru» Yezu Kristu ashobora kubafasha kuruta uko wewe wobigira. Arashobora kubigira muri iki gihe, eka mbere no mw’isi nshasha. Ikintu gusa Imana isaba abakurambere, ni ugukunda abavukanyi babo, kubaremesha, no kubera «akarorero ubusho.» w23.09 29-30 ing. 13-14
Ku wa gatatu, 16 Mukakaro
Yehova arazi yuko ivyiyumviro vy’inkerebutsi ata co bimaze.—1 Kor. 3:20.
Turakwiye kwirinda kwisunga ivyiyumviro vy’abantu. Kwisunga ivyiyumviro vy’abantu, birashobora gutuma twirengagiza Yehova n’amategeko yiwe. (1 Kor. 3:19) “Ubukerebutsi bw’iyi si” akenshi bukwegakwegera abantu mu vyipfuzo vy’umubiri. Hari abakirisu b’i Perugamo n’i Tiyatira bari basigaye babona ugusenga ibigirwamana hamwe n’ubusambanyi cokimwe n’abandi bose bo muri ivyo bisagara. Yezu yarakebuye bimwe bikomeye abo muri ayo mashengero abiri kubera barekerana ubusambanyi. (Ivyah. 2:14, 20) Muri iki gihe, abantu baragerageza kutwosha ngo tubone ibintu nka bo. Incuti n’abagenzi boshobora kuturyosharyosha ngo duhemuke. Nk’akarorero, boshobora kuvuga ko kwisunga ivyipfuzo vyacu ata ngorane be n’uko amategeko yo muri Bibiliya agenga inyifato runtu yataye igihe. Vyoshobora gushika tukiyumvira yuko ivyo Yehova atubwira bidatomoye neza. Twoshobora no kwiyumvira “kurenga ku bintu vyanditswe.”—1 Kor. 4:6. w23.07 16 ing. 10-11
Ku wa kane, 17 Mukakaro
Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago.—Imig. 17:17.
Mariya nyina wa Yezu yari akeneye inkomezi. Ntiyari yubatse, mugabo yari agiye kwibungenga. Ntiyari bwigere arera umwana wiwe, mugabo yari agiye kurera umwana yobaye Mesiya. Vyongeye, ko atari bwigere arangura amabanga y’abubatse, ubwo vyomworoheye gusigurira umufiyanse wiwe Yozefu ko yibungenze? (Luka 1:26-33) Mariya yaronse gute inkomezi? Yarituye abandi ngo bamufashe. Nk’akarorero, yarasavye Gaburiyeli ngo amuhe amakuru yiyongereye ku bijanye n’iryo banga. (Luka 1:34) Inyuma y’aho gato, yarafashe urugendo aja kuraba incuti yiwe Elizabeti «mu karere k’imisozi» ka Yuda. Elizabeti yarakeje Mariya kandi Yehova yaramuhumekeye kuvuga ubuhanuzi buremesha ku bijanye n’umwana Mariya yari yibungenze. (Luka 1:39-45) Mariya yavuze ko Yehova «yakoze ibintu bikomeye n’ukuboko [kwiwe].» (Luka 1:46-51) Yehova yarakomeje Mariya biciye kuri Gaburiyeli na Elizabeti. w23.10 14-15 ing. 10-12
Ku wa gatanu, 18 Mukakaro
[Yatugize] ubwami n’abaherezi b’Imana yiwe ikaba na Se wiwe.—Ivyah. 1:6.
Hari igitigiri ntarengwa c’abigishwa ba Kristu barobanujwe impwemu nyeranda, bakaba bafitaniye ubucuti budasanzwe na Yehova. Abo bigishwa 144.000 bazoba abaherezi mw’ijuru bari kumwe na Yezu. (Ivyah. 14:1) Aho Heranda h’ihema ryeranda hagereranya ukuba abo bigishwa bararobanujwe impwemu bakiri kw’isi bakaba abana b’Imana. (Rom. 8:15-17) Aheranda cane h’iryo hema hagereranya mw’ijuru, aho Yehova aba. «Irido» yatandukanya Aheranda n’Aheranda cane yagereranya umubiri wa Yezu w’inyama n’amaraso. Agifise uwo mubiri ntiyashobora kwinjira mw’ijuru ngo abe Umuherezi mukuru akomeye wo mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu. Uwo mubiri wiwe w’inyama n’amaraso yawutanze nk’ikimazi ku bw’abantu, aba yugururiye inzira ija mw’ijuru abakirisu bose barobanuwe. Kugira baronke impera yabo yo mw’ijuru bategerezwa na bo nyene guheba uwo mubiri wabo w’inyama n’amaraso.—Heb. 10:19, 20; 1 Kor. 15:50. w23.10 28 ing. 13
Ku wa gatandatu, 19 Mukakaro
Umwanya womperana ntandukiriye ivya Gideyoni.—Heb. 11:32.
Gideyoni ntiyaciye atwarwa n’ishavu igihe Abefurayimu bamunegura. (Abac. 8:1-3) Gideyoni ntiyabishuranye ishavu. Yarerekanye ko yifata ruto mu kwumviriza imyidogo yabo, ivyo bica bituma ishavu bari bafise rihwama. Igihe abakurambere b’inkerebutsi baneguwe, barigana Gideyoni mu kwumviriza bitonze no mu kudaca batwarwa n’ishavu. (Yak. 3:13) Ivyo bica bituma mw’ishengero haguma harangwa amahoro. Igihe Gideyoni yashimagizwa kubera yatsinze Abamidiyani, yerekeje ubuninahazwa bwose kuri Yehova. (Abac. 8:22, 23) None abakurambere bomwigana gute? Barakwiye kwemera ko ivyo barangura babishobozwa na Yehova. (1 Kor. 4:6, 7) Nk’akarorero, igihe umukurambere akejwe ko azi kwigisha neza, arashobora guca avuga ko abikesha Ijambo ry’Imana ryo soko ry’ivyo twigisha canke ko abikesha ukumenyerezwa duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova. Abakurambere barakwiye kuza barisuzuma nimba uburyo bigisha bushimagiza Yehova canke bo ubwabo. w23.06 4 ing. 7-8
Ku wa mungu, 20 Mukakaro
Ivyiyumviro vyanje [si] vyo vyiyumviro vyanyu.—Yes. 55:8.
Tutaronse ivyo tuba twasavye mw’isengesho, turakwiye kwibaza duti: “Ivyo ndiko ndasaba vyoba bibereye?” Akenshi usanga twiyumvira ko tuzi ivyotubera vyiza kuruta. Ariko rero hari igihe ivyo dusaba wosanga bitatugiriye akamaro nk’uko twavyibaza. Iyo dusenze dusaba ko ingorane dufise yotorerwa umuti mu buryo kanaka, hoshobora kuba hariho ubundi buryo bwiza kuruta bwo kuyitorera umuti. Vyongeye, ibintu bimwebimwe dusaba, hari igihe usanga bidahuye n’ivyo Yehova agomba. (1 Yoh. 5:14) Zirikana nk’akarorero abavyeyi basavye Yehova ko yofasha umwana wabo kuguma mu kuri. Ico kintu basavye gisa n’ikibereye. Ariko rero, nta n’umwe muri twebwe Yehova ahatira kumukorera. Yipfuza ko umwumwe wese muri twebwe, ushizemwo n’abana bacu, yihitiramwo kumusenga. (Gus. 10:12, 13; 30:19, 20) Abo bavyeyi rero bari bakwiye nyabuna gusaba Yehova ko yobafasha gukora ku mutima umwana wabo, kugira bitume akunda Yehova, abe n’umugenzi wiwe.—Imig. 22:6; Ef. 6:4. w23.11 21 ing. 5; 23 ing. 12
Ku wa mbere, 21 Mukakaro
Nimugume . . . muhozanya.—1 Tes. 4:18.
Kubera iki guhoza abandi ari icerekana ko tubakunda? Twisunze igitabu kimwe gisigura ivyerekeye Bibiliya, ijambo Pawulo yakoresheje ryahinduwe ngo «guhoza» risobanura «guhagarara iruhande y’umuntu ari mu ngorane zikomeye maze ukamuremesha.» Iyo duhojeje uwo dusangiye ukwizera rero ari mu ngorane, tuba tumufashije guhaguruka maze akabandanya agendera muri ya nzira y’ubuzima. Buri gihe rero tubaye hafi uwo dusangiye ukwemera, tuba tumweretse ko tumukunda. (2 Kor. 7:6, 7, 13) Kugirira abandi impuhwe no kubahoza birafitaniye isano cane. Mu buryo ki? Umuntu afitiye impuhwe abandi, arabahoza akongera akagerageza kugira ico akoze kugira abafashe. Tubanza rero kugirira impuhwe abandi, hanyuma tukabahoza. Pawulo arerekana ko impuhwe Yehova adufitiye ari zo zituma aduhoza. Avuga ko Yehova ari «Se w’imbabazi n’ikibabarwe [a]kaba n’Imana y’uruhoza rwose.»—2 Kor. 1:3. w23.11 9-10 ing. 8-10
Ku wa kabiri, 22 Mukakaro
Tunezerwe n’igihe turi mu makuba.—Rom. 5:3.
Abayoboke ba Kristu bose baritega amakuba. Raba ivyashikiye intumwa Pawulo. Yabwiye abakirisu b’i Tesalonika ati: «Igihe twari kumwe namwe twahora tubabwira yuko tuzoshikirwa n’amakuba, kandi ni ko vyagenze.» (1 Tes. 3:4) Yandikiye Abakorinto na bo ati: «Bavukanyi, ntidushaka ko muyoberwa amakuba yadushikiye . . . Ubuzima bwacu bwari buduhagaritse umutima cane.» (2 Kor. 1:8; 11:23-27) N’abakirisu bo muri iki gihe baritega amakuba aza mu buryo butandukanye. (2 Tim. 3:12) Incuti n’abagenzi boshobora kugufata nabi kubera ko wizeye Yezu ukongera ukamukurikira. Kuba wiyemeje kuba imvugakuri muri vyose, vyoba vyaratumye uhura n’ingorane ku kazi? (Heb. 13:18) Woba warahamwe n’abategetsi kubera wariko urabwira abandi icizigiro ufise? Naho twoshikirwa n’amakuba ameze gute, Pawulo yavuze ko dukwiye kunezerwa. w23.12 10-11 ing. 9-10
Ku wa gatatu, 23 Mukakaro
Mwankwegeye ingorane zikomeye.—Ita. 34:30.
Yakobo yarahuye n’ingorane nyinshi. Babiri mu bahungu ba Yakobo, Simeyoni na Lewi, baramaramaje umuryango bongera barasiga iceyi izina rya Yehova. Vyongeye, umugore Yakobo yikundira Rasheli yarapfuye ariko aribaruka umwana wiwe agira kabiri. Kandi kubera ikigoyi gikomeye, vyarabaye ngombwa ko Yakobo yimukira mu gihugu ca Misiri kandi yari yisaziye. (Ita. 35:16-19; 37:28; 45:9-11, 28) Muri izo ngorane zose, Yakobo ntiyigeze areka kwizera Yehova n’imihango yiwe. Kandi Yehova na we yaramweretse ko yamushima. Nk’akarorero, Yehova yarahezagiye Yakobo mu kumuha itunga. Vyongeye, Yakobo ategerezwa kuba yarakengurukiye Yehova igihe yasubira kubona umuhungu wiwe Yozefu, uwo yari amaze igihe yibaza ko yapfuye. Kuba Yakobo yari afitaniye ubugenzi somambike na Yehova, vyaramufashije kwihanganira ingorane. (Ita. 30:43; 32:9, 10; 46:28-30) Igihe natwe tugumye dukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova, tuzoshobora kwihanganira ingorane zodushikira tutari tuvyiteze. w23.04 15 ing. 6-7
Ku wa kane, 24 Mukakaro
Yehova ni Umwungere wanje. Nta na kimwe nzobura.—Zab. 23:1.
Zaburi ya 23 ni ururirimbo Dawidi yaririmvye aserura ingene Yehova amukunda akongera akamwitwararika. Muri iyo zaburi, Dawidi aradondora ubucuti bukomeye yari afitaniye n’Umwungere wiwe, ari we Yehova. Dawidi yarumva ko atekanye ariko ayoborwa na Yehova, kandi yaramwihekako aherejeko. Dawidi yari azi ko Yehova yogumye amukunda ubuzima bwise bwose. Ni ibiki none vyatumye ajijuka ukuraho? Dawidi yarabona ko Yehova amwitwararika cane, kuko ata na kimwe yigera abura. Dawidi yari azi kandi ko Yehova ari umugenzi wiwe be n’uko yamushima. Ni co gituma yari azi ko naho ibintu vyogenda gute, Yehova yogumye amuronsa ivyo akeneye vyose. Kuba Dawidi yari azi neza ko Yehova amukunda akongera akamwitwararika, vyaratuma ahimbarwa cane akongera agatekana.—Zab. 16:11. w24.01 28-29 ing. 12-13
Ku wa gatanu, 25 Mukakaro
Ndi kumwe namwe imisi yose gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si.—Mat. 28:20.
Kuva mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, abasavyi ba Yehova bo mu bihugu bitandukanye barakoze igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bafise amahoro n’umwidegemvyo ku rugero kanaka. Emwe, igikorwa carateye imbere koko! Muri iki gihe, abagize Inama Nyobozi baracabandanya kugamburuka ivyo Kristu abasaba. Baritwararika guha abavukanyi ubuyobozi buhuje n’uko Yehova na Yezu babona ibintu. Baca babuha abahagarikizi b’imizunguruko be n’abakurambere, na bo bagaheza bakabushikiriza amashengero. Abakurambere barobanuwe bari mu “kuboko kw’ukuryo” kwa Kristu. Ariko mu buryo bwagutse, ni ko bimeze no ku bandi bakurambere bose. (Ivyah. 2:1) Ego ni ko, abo bakurambere ntibatunganye kandi barakora amakosa. Musa na Yosuwa vyarashitse na bo nyene barakora amakosa, eka n’intumwa ni ukwo. (Guh. 20:12; Yos. 9:14, 15; Rom. 3:23) Naho ari ukwo, turibonera ko Kristu ari we ariko arayobora wa mushumba w’umwizigirwa be n’abakurambere, kandi azobandanya kubigenza gutyo. Turi n’imvo zumvikana rero zo kwizigira ubwo buyobozi ariko araturonsa, biciye kuri abo bavukanyi batuja imbere. w24.02 23-24 ing. 13-14
Ku wa gatandatu, 26 Mukakaro
Nimwigane Imana . . . nk’abana ikunda cane.—Ef. 5:1.
Muri iki gihe, turahimbara Yehova mu kuvuga ibimwerekeye tubigiranye urukundo, igishika n’ugukenguruka. Igihe turi mu ndimiro, turibuka ko intumbero yacu nyamukuru ari iyo gufasha abantu kwiyegereza Yehova, tukabafasha kubona uwo Muvyeyi wacu twikundira nk’uko natwe tumubona. (Yak. 4:8) Turahimbarwa no kwereka abantu ukuntu Bibiliya idondora Yehova, igahishura urukundo rwiwe, ubutungane bwiwe, ubukerebutsi bwiwe, ububasha bwiwe be n’izindi kamere nziza zimuranga. Vyongeye, turashemeza Yehova kandi tukamuhimbara igihe twihatira kumwigana. Tubigenjeje gutyo tuba twitandukanije n’iyi si mbi. Abantu barabona ko dutandukanye n’abandi, bagaca bibaza igituma. (Mat. 5:14-16) Igihe rero turi kumwe n’abandi mu bikorwa vya misi yose, twoshobora kubasigurira igituma tumeze gutyo. Ivyo bica bituma abantu b’umutima utagira uburyarya biyegereza Imana yacu. Iyo rero dushemeje Yehova muri ubwo buryo, turanezereza umutima wiwe.—1 Tim. 2:3, 4. w24.02 10 ing. 7
Ku wa mungu, 27 Mukakaro
[Nube umuntu] ashobo[ye] kuremesha . . . no gukosora.—Tito 1:9.
Kugira ube umukirisu ahumuye, bizosaba ko wiga ubuhinga ngirakamaro. Ubwo buhinga buzogufasha kwitwararika amabanga yo mw’ishengero, kuronka akazi kugira wibesheho canke ubesheho umuryango, bugufashe no kubana neza n’abandi. Nk’akarorero, numenye neza gusoma no kwandika. Bibiliya ivuga ko umuntu ahiriwe amara umwanya buri musi asoma Ijambo ry’Imana kandi akarizirikanako. (Zab. 1:1-3) Igihe asoma Bibiliya buri musi, aramenya ukuntu Yehova abona ibintu, bigaca bimufasha kwiyumvira neza no kubona ukuntu yobishira mu ngiro. (Imig. 1:3, 4) Twese mw’ishengero, turakeneye abantu b’abagabo bashoboye kwigisha no gutanga impanuro zishingiye kuri Bibiliya. Igihe uzi neza gusoma no kwandika, bizogufasha gutegura insiguro n’inyishu biremesha abandi kandi bikomeza ukwizera kwabo. Bizotuma kandi uza uriyandikira utuntu ngirakamaro tuzogufasha gukomeza ukwizera kwawe no kuremesha abandi. w23.12 26-27 ing. 9-11
Ku wa mbere, 28 Mukakaro
Uwunze ubumwe namwe aruta uwunze ubumwe n’isi.—1 Yoh. 4:4.
Igihe ugize ubwoba, nuce uzirikana ku vyo Yehova azokora muri kazoza igihe Shetani azoba atakiriho. Umwerekano umwe wagizwe kw’ihwaniro ry’akarere ryo mu 2014, waratweretse ingene sebibondo yaganiriye n’umuryango wiwe ingene bosoma ibivugwa muri 2 Timoteyo 3:1-5 nka hamwe vyoba vyerekeza ku kuntu ibintu bizoba vyifashe mw’Iparadizo. Bohasoma bati: «Mw’isi nshasha hazobaho ibintu biteye umunezero cane. Kuko abantu bazoba bakunda abandi, bakunda ivy’Imana, bifata ruto, bicisha bugufi, bashemeza Imana, bagamburukira abavyeyi, bashima, ari intahemuka, bakunda cane abo mu miryango yabo, bashaka kwumvikana, bama bavuga neza abandi, bigumya, bitonda, bakunda iciza, abizigirwa, bayoboka, bakunda Imana aho gukunda ivyo kwinezereza, bihebera Imana vy’ukuri. Abo rero ubumireko.» Woba nawe uhora uganira n’abagize umuryango wawe canke abo musangiye ukwemera ingene ubuzima buzoba bumeze mw’isi nshasha? w24.01 6 ing. 13-14
Ku wa kabiri, 29 Mukakaro
Naragushimye.—Luka 3:22.
Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko Yehova ashima abasavyi biwe bose uko bagize umugwi! Bibiliya ivuga iti: «Yehova a[ra]kunda abantu biwe.» (Zab. 149:4) Ariko rero, birashika bamwebamwe bakihebura cane ku buryo bibaza bati: «Ubwo Yehova yoba anshima ku giti canje?» Ivyo vyarashikiye n’abasavyi ba Yehova bamwebamwe b’abizigirwa bo mu bihe vya Bibiliya. (1 Sam. 1:6-10; Yobu 29:2, 4; Zab. 51:11) Bibiliya irerekana neza ko abantu badatunganye bashobora gushimwa na Yehova. Uti ivyo bishoboka gute? Bishoboka iyo twizeye Yezu Kristu maze tukabatizwa. (Yoh. 3:16) Gutyo, tuba twerekanye ku mugaragaro ko twigaye ibicumuro vyacu be n’uko twasezeraniye Imana gukora ivyo igomba. (Ivyak. 2:38; 3:19) Yehova arahimbarwa iyo duteye izo ntambwe zituma tugiranira ubugenzi na we. Iyo dukoze ibishoboka vyose kugira ngo tugume dukora ivyo twamusezeraniye, aradushima akongera akadufata nk’abagenzi biwe.—Zab. 25:14. w24.03 26 ing. 1-2
Ku wa gatatu, 30 Mukakaro
Ntidushobora kureka kuvuga ibintu twabonye n’ivyo twumvise.—Ivyak. 4:20.
Turashobora kwigana akarorero k’abo bigishwa mu kubandanya twamamaza naho abategetsi bobitubuza. Turashobora kwizigira ko Yehova azodufasha kurangura igikorwa yadushinze. Rero, numusenge umusaba umutima rugabo n’ubukerebutsi wongere umusabe agufashe kwihanganira ingorane. Abenshi muri twebwe usanga bari mu ngorane bivuye ku ndwara, ku gutuntura ku mutima, ku kubura ababo, ibibazo vyo mu muryango, ku ruhamo no ku bindi. Indwara z’ibiza be n’intambara na vyo vyaratumye nyinshi muri izo ngorane zirushiriza kugora kwihanganira. Nusukire Yehova ibikuraje ishinga vyose. Numuyagire uko ivyawe vyifashe nk’uko nyene wobibwira umugenzi somambike. Nuhere amazinda ko Yehova na we “azogira ico akoze.” (Zab. 37:3, 5) Gushishikara gusenga biradufasha ‘kwihanganira amakuba.’ (Rom. 12:12) Yehova arazi ibiriko birashikira abasavyi biwe, kandi “a[ru]mva ugutabaza kwabo.”—Zab. 145:18, 19. w23.05 5-6 ing. 12-15
Ku wa kane, 31 Mukakaro
Mugume musuzuma neza ivyo Umukama yemera.—Ef. 5:10.
Igihe tugomba gufata ingingo zihambaye, turakwiye kubanza gutahura «ivyo Yehova agomba ivyo ari vyo», tugaca dukora tuvyisunga. (Ef. 5:17) Iyo turondeye kumenya ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zihuje n’uko ivyacu vyifashe, ni nk’aho tuba turiko turondera kumenya ico Imana ivyiyumvirako. Duciye rero tuvyisunga, bica bitworohera gufata ingingo nziza. «Wa mubisha», ari we mwansi wacu Shetani, yipfuza ko tuguma twiruka inyuma y’ivy’isi ku buryo tubura n’umwanya wo gukorera Imana. (1 Yoh. 5:19) Umukirisu yoshobora gutangura gushira imbere amaronko, amashure canke akazi k’umubiri, bigatuma agisha uturyo two gukorera Yehova. Bigenze gutyo, biba vyerekana ko atanguye gutwarwa n’ivyiyumviro vy’isi. Naho ivyo bintu ubwavyo atari bibi, si vyo dukwiye gushira imbere mu buzima bwacu. w24.03 24 ing. 16-17