א [Alefu]
119 Hahiriwe abantu baguma ari intungane,
bakubahiriza itegeko rya Yehova+.
2 Hahiriwe abubahiriza ivyibutswa vyiwe+,
bakamurondera n’umutima wabo wose+.
3 Ntibaza barakora ibitagororotse.
Bagendera mu nzira ziwe+.
4 Ewe Mana, waratanze itegeko
ry’uko ivyagezwe vyawe vyubahirizwa neza+.
5 Icompa nkaguma nshikamye+
kugira nubahirize ingingo washinze!
6 Aho ni ho ntomaramara+
igihe nihweza amabwirizwa yawe yose.
7 Nzogushemeza n’umutima ugororotse,
uko ndushiriza gutahura imanza zawe zigororotse.
8 Nzokwubahiriza ingingo washinze.
Ese utokwigera umpeba buhere!
ב [Beti]
9 Mbega umusore yokora iki kugira inzira yiwe igume ityoroye?
Ni mu kuguma yiyubara nk’uko ijambo ryawe rivuga+.
10 Ndakurondera n’umutima wanje wose.
Ntundeke ngo nce kubiri n’amabwirizwa yawe+.
11 Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje+,
kugira sindagucumureko+.
12 Ewe Yehova, ese woshemezwa!
Nunyigishe ingingo washinze.
13 Iminwa yanje izotangaza
imanza zose waciye.
14 Ivyibutswa vyawe birampimbara+
kuruta ibindi bintu vyose vy’agaciro+.
15 Nzozirikana ivyagezwe vyawe+,
ngumize amaso yanje ku nzira zawe+.
16 Ndakunda cane amabwirizwa yawe.
Sinzokwibagira ijambo ryawe+.
ג [Gimelu]
17 Nungirire neza jewe umusavyi wawe,
kugira mbandanye kubaho maze nubahirize ijambo ryawe+.
18 Ugurura amaso yanje kugira mbone neza
ibintu bitangaje biri mw’itegeko ryawe.
19 Meze nk’umunyamahanga mu gihugu+.
Ntumpishe amabwirizwa yawe.
20 Nguma numva mfise inyota
y’imanza zawe igihe cose.
21 Warakankamiye abantu bita imbere,
abantu b’ibivume batisunga amabwirizwa yawe+.
22 Nunkureko iceyi n’akagaye,
kuko nubahiriza ivyibutswa vyawe.
23 Naho abatware bokorana kugira bamvuge nabi,
umusavyi wawe aguma azirikana ingingo washinze.
24 Ndakunda cane ivyibutswa vyawe+.
Ni vyo bingira inama+.
ד [Daleti]
25 Narambaraye mu mukungugu+.
Nunzigame nk’uko ijambo ryawe rivuga+.
26 Narakumenyesheje inzira zanje, kandi waranyishuye.
Nunyigishe ingingo washinze+.
27 Numfashe gutahura insobanuro y’ivyagezwe vyawe,
kugira nzirikane ibikorwa vyawe bitangaje+.
28 Singitora agatiro kubera intuntu.
Nunkomeze nk’uko ijambo ryawe rivuga.
29 Niwigize kure yanje inzira y’ikinyoma+,
ungirire ubuntu mu kunyigisha itegeko ryawe.
30 Nahisemwo inzira y’ubwizigirwa+.
Ndazi neza ko imanza zawe zigororotse.
31 Nguma numiye ku vyibutswa vyawe+.
Ewe Yehova, ntureke ngo maramare+.
32 Nzogendera mu nzira y’amabwirizwa yawe ndabishashaye,
kuko umpa umutima ukunze wo kubigira.
ה [He]
33 Ewe Yehova, nunyigishe+ kwisunga ingingo zawe,
kandi nzozigenderamwo gushika kw’iherezo+.
34 Numpe ugutahura,
kugira nubahirize itegeko ryawe
kandi ndarikurikize n’umutima wanje wose.
35 Nunyobore mu nzira y’amabwirizwa yawe+,
kuko impimbara cane.
36 Numfashe nshire umutima ku vyibutswa vyawe,
aho kuwushira ku nyungu mbi+.
37 Nuhindukize amaso yanje ntarabe ibintu bitagira akamaro+.
Nunzigamire mu nzira yawe.
38 Nushitse umuhango wahaye umusavyi wawe,
kugira ngo abantu bagutinye.
39 Nunkureko ibimaramare bintera ubwoba,
kuko imanza zawe ari nziza+.
40 Raba ingene nyotewe ivyagezwe vyawe.
Nunzigame, kuko wama ukora ibigororotse.
ו [Vau]
41 Ewe Yehova, nunyereke urukundo rwawe+,
undokore nk’uko wabisezeranye+.
42 Nzoheza nishure uwuncokora,
kuko nizigira ijambo ryawe.
43 Ntukure mu kanwa kanje ijambo ry’ukuri,
kuko nizigiye urubanza rwawe.
44 Nzokwama nubahiriza itegeko ryawe,
gushika ibihe bidahera+.
45 Nzogendera ahantu hatagira inkomanzi+,
kuko nguma ndondera ivyagezwe vyawe.
46 Nzovugira ivyibutswa vyawe imbere y’abami,
kandi sinzomaramara+.
47 Amabwirizwa yawe arampimbara,
emwe ndayakunda cane+.
48 Nzogusenga ndugije amaboko, kuko nkunda amabwirizwa yawe+,
kandi nzozirikana ingingo washinze+.
ז [Zayini]
49 Niwibuke ijambo wabwiye umusavyi wawe,
ukampa icizigiro biciye kuri ryo.
50 Ivyo ni vyo bimpoza mu maganya yanje+,
kuko ijambo ryawe rinzigama.
51 Abita imbere baguma bantwengera mw’ijigo,
ariko simva kw’itegeko ryawe+.
52 Ewe Yehova, ndibuka imanza zawe za kera+,
kandi zirampumuriza cane+.
53 Ishavu rirandya kubera ababisha,
kuko baheba itegeko ryawe+.
54 Ingingo washinze ni zo nguma ndirimba
ahantu hose mba.
55 Ewe Yehova, ndibuka izina ryawe mw’ijoro+,
kugira nubahirize itegeko ryawe.
56 Ivyo ni vyo nama nkora,
kuko nubahiriza ivyagezwe vyawe.
ח [Heti]
57 Ewe Yehova, ni wewe mugabane wanje+.
Nasezeranye kugumya amajambo yawe+.
58 Ndagutakambira n’umutima wanje wose+.
Nungirire ubuntu+ nk’uko wabisezeranye.
59 Narasuzumye inzira zanje,
kugira nsubire kugendera mu vyibutswa vyawe+.
60 Ndanyaruka, sinteba
gukurikiza amabwirizwa yawe+.
61 Imigozi y’ababisha irankikuje,
ariko sinibagira itegeko ryawe+.
62 Ijoro rigeze hagati ndavyuka kugira ndagushimire+,
kuko imanza zawe zigororotse.
63 Ndi umugenzi w’abo bose bagutinya,
hamwe n’uw’abagamburuka ivyagezwe vyawe+.
64 Ewe Yehova, urukundo rwawe rwuzuye isi yose+.
Nunyigishe ingingo washinze.
ט [Teti]
65 Ewe Yehova, waragiriye neza umusavyi wawe,
nk’uko ijambo ryawe rivuga.
66 Numpe ubwenge n’ubumenyi+,
kuko nizigira amabwirizwa yawe.
67 Ntarashikirwa n’imibabaro, narakunda guta inzira,
ariko ubu ndubahiriza ijambo ryawe+.
68 Uri mwiza+ kandi n’ivyo ukora ni vyiza.
Nunyigishe ingingo washinze+.
69 Abita imbere barandemeka ibinyoma,
ariko nguma nubaha ivyagezwe vyawe n’umutima wanje wose.
70 Imitima yabo yaratimvye+,
ariko jewe ndakunda itegeko ryawe+.
71 Ni vyiza kuba narashikiwe n’imibabaro+,
kuko bituma ntahura ingingo washinze.
72 Amategeko washinze yambereye meza+,
kuruta inzahabu n’ifeza ibihumbi+.
י [Yodi]
73 Amaboko yawe ni yo yandemye, arambumbabumba.
Numpe ugutegera
kugira menye amabwirizwa yawe+.
74 Abagutinya barambona bakanezerwa,
kuko ijambo ryawe ari ryo nizigiye+.
75 Ewe Yehova, ndazi ko imanza zawe zigororotse+
be n’uko wampanye kubera uri umwizigirwa+.
76 Ndakwinginze urukundo rwawe+ rumpoze,
nk’uko wabisezeraniye umusavyi wawe.
77 Ngirira imbabazi kugira mbandanye kubaho+,
kuko nkunda cane itegeko ryawe+.
78 Abita imbere nibamaramare,
kuko bangirira nabi bampora ubusa.
Ariko nzoguma nzirikana ivyagezwe vyawe+.
79 Abagutinya nibangarukeko,
abo bose bazi ivyibutswa vyawe.
80 Ese nokwubahiriza ingingo zawe n’umutima wanje wose+,
kugira ngo simaramare+!
כ [Kafu]
81 Ndashashaye ubukiriro bwawe+,
kuko ijambo ryawe ari ryo nizigiye.
82 Ijambo ryawe ni ryo mpanze amaso+,
nkavuga nti: «Uzompoza ryari+?»
83 Meze nk’umukuza w’urushato wumishijwe n’umwotsi,
ariko sinibagira ingingo washinze+.
84 None umusavyi wawe azorindira imisi ingahe?
Uzoshitsa ryari urubanza waciriye abampama+?
85 Abita imbere baguma banyimbira icobo,
barya basuzugura itegeko ryawe.
86 Amabwirizwa yawe yose ni ayo kwizigirwa.
Nuntabare, kuko abantu baguma bampamira ubusa+.
87 Barahatswe kunzimanganya kw’isi,
ariko sinigeze mpeba ivyagezwe vyawe.
88 Nunzigame kubera urukundo rwawe,
kugira ngume nubahiriza ivyibutswa washinze.
ל [Lamedi]
89 Ijambo ryawe rizokwamaho mu majuru,
gushika ibihe bidahera, ewe Yehova+!
90 Ubwizigirwa bwawe bwamaho ibihe vyose+.
Warashimangiye isi kugira izokwameho+.
91 Biciye ku mategeko yawe, biracariho gushika n’ubu,
kuko vyose ari wewe bikorera.
92 Iyaba ntakunda itegeko ryawe,
amagorwa aba yaranyishe+.
93 Sinzokwigera nibagira ivyagezwe vyawe,
kuko ari vyo wakoresheje mu kunzigama+.
94 Ndi uwawe. Nunkize+
kuko nguma ndondera ivyagezwe vyawe+.
95 Ababisha baguma barondera kunyica,
ariko nguma nitwararika cane ivyibutswa vyawe.
96 Ndamaze kubona ibintu vyinshi bitunganye,
ariko amabwirizwa yawe yoyo ni kaminuza.
מ [Memu]
97 Ewe kuntu nkunda itegeko ryawe+!
Ni ryo nzirikana bukarinda bwira+.
98 Amabwirizwa yawe atuma ndusha ubwenge abansi banje+,
kuko ndayamiza hafi yanje ibihe vyose.
99 Nsigaye ndusha ugutahura abigisha banje bose+,
kuko nzirikana ivyibutswa vyawe.
100 Nkorana ubwenge gusumba abatama,
kuko nubahiriza ivyagezwe vyawe.
101 Sinipfuza kugendera mu nzira mbi+,
kugira ngume nubahiriza ijambo ryawe.
102 Sinzotirimuka ku ngingo washinze,
kuko ari wewe unyigisha.
103 Ese ukuntu amajambo yawe ansosera!
Mu kanwa aransosera kuruta ubuki+.
104 Ivyagezwe vyawe bituma nkorana ubwenge+.
Ni co gituma nanka inzira zose z’ibinyoma+.
נ [Nuni]
105 Ijambo ryawe ni itara ry’ibirenge vyanje,
rikaba n’umuco umurikira mu nzira+.
106 Nzokwubahiriza ingingo zawe zigororotse.
Ivyo narabirahiye kandi nzobishitsa.
107 Narashikiwe n’amagorwa menshi+.
Ewe Yehova, nunzigame nk’uko ijambo ryawe rivuga+.
108 Ewe Yehova, niwakire amashikanwa yo kugushemeza+ ntanze ndavyishakiye,
kandi unyigishe ingingo zawe+.
109 Ubuzima bwanje bwama buri mu kaga,
ariko sinigera nibagira itegeko ryawe+.
110 Ababisha baranteze imitego,
ariko sinigeze mpeba ivyagezwe vyawe+.
111 Ivyibutswa vyawe bizokwama ari ikintu nigabira,
kuko bihimbara umutima wanje+.
112 Nariyemeje kwubahiriza ingingo washinze
ibihe vyose gushika kw’iherezo.
ס [Sameki]
113 Ndanka abafise udutima tubiri+,
ariko ndakunda itegeko ryawe+.
114 Uri ubwugamo bwanje n’inkinzo yanje+,
kuko ijambo ryawe ari ryo nizigiye+.
115 Mva iruhande mwa babisha mwe+,
kugira nubahirize amabwirizwa y’Imana yanje.
116 Nunshigikire nk’uko wabisezeranye+,
kugira mbandanye kubaho.
Ntureke ngo maramare, kuko ari wewe nizigiye+.
117 Nunshigikire kugira ndokoke+.
Nanje nzoheza ngume nitaho ingingo washinze+.
118 Ntiwerekwa abantu bose batisunga ingingo washinze+,
kuko ari indyarya n’ababeshi.
119 Ushibura ababisha bose bo kw’isi nk’umucafu+.
Ni co gituma nkunda ivyibutswa vyawe.
120 Icubahiro cawe gituma njugumira.
Imanza zawe zirantera ubwoba.
ע [Ayini]
121 Nakoze ibintu bitunganye kandi bigororotse.
Ntumpebere mu maboko y’abancinyiza.
122 Nyemerera ko uzongirira neza jewe umusavyi wawe.
Ese abita imbere batoncinyiza!
123 Amaso yanje yaruhijwe no kurindira ubukiriro bwawe+
be no kurindira ivyo wasezeranye+ bigororotse.
124 Niwereke umusavyi wawe urukundo rwawe+,
kandi unyigishe ingingo washinze+.
125 Ndi umusavyi wawe. Numfashe gutegera+,
kugira menye ivyibutswa vyawe.
126 Ewe Yehova, harageze ko ugira ico ukoze+,
kuko bahonyanze itegeko ryawe.
127 Ni co gituma nkunda amabwirizwa yawe
kuruta inzahabu, mbere kuruta inzahabu nzizanziza+.
128 Mbona ko amategeko yawe yose agororotse+,
kandi ndanka inzira yose y’ikinyoma+.
פ [Pe]
129 Ivyibutswa vyawe ni igitangaza.
Ni co gituma ndavyubahiriza.
130 Guhishurirwa amajambo yawe bitanga umuco+,
bigatuma umuntu atazi utuntu n’utundi aronka ugutegera+.
131 Ndasama cane, ngahezagirika,
kuko nyotewe amabwirizwa yawe+.
132 Hindukira ungirire ubuntu+,
nk’uko wabisezeraniye abakunda izina ryawe+.
133 Nuyobore neza intambuko zanje wisunze ijambo ryawe.
Ese hatogira ikibi na kimwe kinyizizira+!
134 Nunkize abancinyiza,
nanje nzokurikiza ivyagezwe vyawe.
135 Nundabe ryiza jewe umusavyi wawe+,
unyigishe ingingo washinze.
136 Amosozi aguma acuncubuka mu maso,
kuko abantu batagamburuka itegeko ryawe+.
צ [Tsade]
137 Ewe Yehova, uragororotse+
kandi imanza zawe ni iz’ukuri+.
138 Ivyibutswa vyawe biragororotse
kandi ni ivyo kwizigirwa cane.
139 Ndarurumba umwete+,
kuko abansi banje birengagiza amajambo yawe.
140 Ijambo ryawe riratyoroye cane+,
kandi umusavyi wawe ararikunda+.
141 Nta co maze kandi ndagayitse+,
ariko sinigeze nibagira ivyagezwe vyawe.
142 Ubugororotsi bwawe+ bwamaho ibihe vyose,
kandi itegeko ryawe ni ukuri+.
143 Naho amagorwa n’ingorane binyugariza,
nguma nkunda amabwirizwa yawe.
144 Ivyibutswa vyawe vyama bigororotse ibihe vyose.
Numfashe kubitahura+ kugira mbandanye kubaho.
ק [Kofu]
145 Ndagutabaza n’umutima wanje wose. Nunyishure Yehova!
Nzokwubahiriza ingingo washinze.
146 Ndagutakambiye unkize!
Nzokwubahiriza ivyibutswa vyawe.
147 Mvyuka butaraca kugira ndagutakambire+,
kuko nizigira amajambo yawe.
148 Nguma nikangura hagati mw’ijoro,
kugira nzirikane ijambo ryawe+.
149 Nunyumvirize kubera urukundo rwawe+.
Ewe Yehova, nunzigame wisunze ubutungane bwawe.
150 Abantu bakora ibintu biteye isoni bansugereje.
Ntiberekwa itegeko ryawe.
151 Ewe Yehova, uri hafi yanje+
kandi amabwirizwa yawe yose ni ukuri+.
152 Ndazi kuva kera yuko ivyibutswa vyawe
wabishizeho kugira vyameho ibihe vyose+.
ר [Reshi]
153 Raba ayo ngowe maze untabare+,
kuko ntibagiye itegeko ryawe.
154 Numburanire kandi untabare+.
Nunzigame nk’uko wabisezeranye.
155 Ubukiriro buri kure y’ababisha,
kuko batarondera ingingo washinze+.
156 Ewe Yehova, imbabazi zawe ni nyinshi+.
Nunzigame wisunze ubutungane bwawe.
157 Abampama n’abandwanya ni benshi+,
ariko sintirimuka ku vyibutswa vyawe.
158 Abantu b’ibihemu baranshisha,
kuko batagamburuka ijambo ryawe+.
159 Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe!
Ewe Yehova, nunzigame kubera urukundo rwawe+.
160 Ijambo ryawe ryose uko ryakabaye ni ukuri+,
kandi imanza zawe zose zigororotse zamaho ibihe vyose.
ש [Sini] canke [Shini]
161 Abatware barampama+ bampora ubusa,
ariko nguma nubaha cane amajambo yawe+.
162 Amajambo yawe arampimbara+
nka kurya umuntu ahimbarwa aronse itunga ryinshi.
163 Ndanka ibinyoma, emwe biranshisha+.
Ariko ndakunda itegeko ryawe+.
164 Ndagushemeza incuro indwi ku musi
kubera imanza zawe zigororotse.
165 Abakunda itegeko ryawe bifitiye amahoro menshi+.
Nta na kimwe gishobora kubatsitaza.
166 Ewe Yehova, ubukiriro ndabuzeye iwawe,
kandi ndubahiriza amabwirizwa yawe.
167 Ndubahiriza ivyibutswa vyawe,
kandi ndabikunda cane+.
168 Ndubahiriza ivyagezwe vyawe n’ivyibutswa vyawe,
kuko uzi neza ivyo nkora vyose+.
ת [Tau]
169 Ewe Yehova, ese ugutabaza kwanje kwogushikira+!
Nuntahuze+ nk’uko ijambo ryawe riri.
170 Ese wokwumva ugutakamba kwanje.
Nunkize nk’uko wabisezeranye.
171 Ese iminwa yanje yokwama igushemeza+,
kuko unyigisha ingingo washinze.
172 Ese ururimi rwanje rworirimba ijambo ryawe+,
kuko amabwirizwa yawe yose agororotse.
173 Ese ukuboko kwawe kwokwitegurira kumfasha+,
kuko nahisemwo kugamburuka ivyagezwe vyawe+.
174 Ewe Yehova, ndanyotewe ubukiriro utanga,
kandi ndakunda cane itegeko ryawe+.
175 Ese noramba kugira ngume ndagushemeza+!
Ese imanza zawe zombera ubuhungiro!
176 Nguma nyerera nk’intama yazimiye+. Rondera umusavyi wawe,
kuko ntibagiye amabwirizwa yawe+.